Amakuru
6 mai 2022

Umukuru w’Igihugu Ndayishimiye ashobora gusongera isibe mu ndyane z’amatongo mu Burundi

Umugambi wo kwaka amatongo abantu bafise manini, atari uguteranya abantu nta nyungu uzanira igihugu. Bivugwa na Chauvineau Mugwengezo, arongoye umugambwe UPD-Zigamibanga, inyuma y’aho umukuru w’Igihugu Evariste Ndayishimiye amenyeshereje ko agiye kwaka amatongo abadashoboye kuyarima ayahe abandi. Chauvineau Mugwengezo akamenyesha ko leta ikwiye nyabuna gushira imbere imigambi irashe yo gukura abanyagihugu mu bukene.