Amakuru
7 juillet 2022

Umukuru w’Igihugu Ndayishimiye asabwa gutunganya igihugu ku buryo haba amahoro kuri bose

Iyaba igihugu kirimwo umutekano n’ubutungane nta cobuza ko Abarundi baba hanze bataha. Bivugwa na Frederiko Bamvuginyumvira, umunyepolitike atavuga rumwe n’ubutegetsi yahunze igihugu. Abivuze inyuma y’aho umukuru w’Igihugu Evariste Ndayishimiye asabiye ibihugu vya Buraya na Amerika kwima ubuhungiro Abarundi bahungiyeyo. Hari mw’ijambo ryiwe ryo guhimbaza isabukuru ry’imyaka 60 Uburundi bumaze bwikukiye. Frederiko Bamvuginyumvira akibutsa umukuru w’Igihugu ko Abarundi bahunze ubwicanyi bubandanya mu Burundi.