Amakuru
25 août 2021

Umukuru w’igihugu Ndayishimiye ari mu batuma inzego za leta zidakora neza

Imyidogo y’umukuru w’igihugu ngo nta fatiro ifise. We nyene ubwiwe ari mu batuma inzego za leta zidakora neza. Ivyo bishikirizwa na Fréderic Bamvuginyumvira, arongoye urunani CFOR-Arusha. Ku bwiwe, ngo  ibituma ubutungane butigenga bimaze igihe umugambwe CNDD-FDD umaze, kuko utigeze utandukanya inzego z’igihugu hamwe n’uko igihugu gitwawe mw’iterabwoba ry’intwaro za gisirikare.