Umukuru w’igihugu Evariste Ndayishimiye ngo ntari mu kibanza abereye, yari akwiye kubogozwa. Bivugwa n’uwahoze ari icegera c’umukuru w’igihugu Frédéric Bamvuginyumvira, ivyo akaba abivuze inyuma y’aho Evariste Ndayishimiye we nyene ubwiwe yemanze ko intwaro yiwe ihonyanga agateka ka zina muntu. Frédéric Bamvuginyumvira akamenyesha ko umukuru w’igihugu yemeye ivyo abatavuga rumwe n’ubutegetsi bamaze imyaka bavuga.
Amakuru
19 juin 2021