Amakuru
4 mai 2024

Umukuru w’Igihugu Evariste Ndayishimiye ntazi ubukene Abarundi barimwo (CFOR-Arusha)

Umukuru w’Igihugu Evariste Ndayishimiye aritiranya iyo we amerewe neza akibaza ko Abarundi bose bamerewe neza. Binegurwa na Frédéric Bamvuginyumvira, arongoye urunani rutavuga rumwe na leta, CFOR-Arusha. Abivuze inyuma y’aho umukuru w’Igihugu amenyeshereje ko mu Burundi ata wudafise ico akora, kandi umwimbu wabaye mwinshi cane. Hari mw’ijambo ryiwe ryo kuri uyu wa 01 Rusama, umunsi mpuzamakungu w’abakozi n’akazi. Urunani CFOR-Arusha rubona ko umukuru w’Igihugu Evariste Ndayishimiye atazi ubukene Abarundi barimwo.