Amakuru
6 juillet 2021

Umukuru w’igihugu Evariste Ndayishimiye aragabisha umuntu wese yiba amatungo ya leta

Umukuru w’igihugu Evariste Ndayishimiye aragabisha umuntu wese yiba amatungo ya leta biciye mu busuma bw’ubutare. Akagabisha ko amasezerano yose atakurikije amategeko agiye guhagarikwa. Hari mw’ijambo yashikirije ku wa 1 Mukakaro aho Uburundi bwari buramutse buhimbaza umunsi mukuru w’ukwikukira. Ku bwiwe, ngo mu bakora ubwo busuma harimwo na bamwe mu bategetsi b’igihugu.