Amakuru
1 mai 2023

Umukuru w’Igihugu Evariste Ndayishimiye aragabisha abategetsi banyuruza amatungo ya leta

Amasendika y’abakozi ahamagarirwa kuba maso kugira bafashe mu kudomako urutoki indongozi zibandanya kunyuruza amatungo ya leta. Ako ni akamo k’umukuru w’Igihugu Evariste Ndayishimiye, mw’ijambo yashikirije Abarundi kuri uno wa 01 Rusama, umunsi mpuzamakungu wahariwe abakozi n’akazi. Evariste Ndayishimiye yanamenyesheje ko leta igiye gusubira gukomeza ibiganiro hagati ya leta, abakozi n’abakoresha ku neza y’abakozi bose.