Amakuru
2 septembre 2021

Umukuru w’igihugu c’Uburundi aridogera umushikirizamanza wo mu Kayanza

Umushikizamanza mukuru wo mu ntara ya Kayanza yarifatiwe mu gahanga kuri uyu wa 30 Myandagaro n’umukuru w’igihugu c’Uburundi. Uwo mukenyezi yagirizwa n’umukuru w’igihugu kuba yararekuje umuntu yafashe k unguvu umwana, umukuru w’igihugu akabimwagiriza mu mvugo isa n’iyo gutukana. Evariste Ndayishimiye akabona ko uwo mukenyezi yakoze ibidashoboka mu kurekuza uwagirizwa ico caha.