Amakuru
2 juin 2023

Umukuru w’Igihugu c’Uburundi ari mu nzira nziza yerekeza gutora umuti w’ikibazo ca Congo

Uruhara rw’umukuru w’Igihugu c’Uburundi Evariste Ndayishimiye mu kurondera umuti ku kibazo co mu buseruko bwa Republika iharanira intwaro rusangi ya Congo rurashimisha abasenyeri bo ku mugabane wa Afrika yo hagati. Ivyo vyashikirijwe n’umuvugizi w’umukuru w’Igihugu igihe abo basenyeri bagendera umukuru w’Igihugu ku wa gatatu uheze aho bakiriwe n’umukuru w’Igihugu ubwiwe. Bakaba bamusavye kubandanya iyo nzira gushika haboneke umuti ushobora kugarukana amahoro arama ku banyagihugu ba Congo.