Amakuru
4 janvier 2022

Umukuru w’Igihugu c’Uburundi ahamagarira impunzi gutaha

Abarundi bahunze igihugu bahamagarirwa gutaha mu gihugu c’amavukiro kugira batange intererano yabo mw’iterambere. Ako ni akamo batewe n’umukuru w’Igihugu Evariste Ndayishimiye, mw’ijambo yashikirije ku wa 31 Kigarama 2021. Ku bwiwe, Abarundi bakwiye kuja hamwe kugira bashobore guteza imbere igihugu.