Amakuru
4 janvier 2023

Umukuru w’Igihugu asabwa gushira mu ngiro urubanza rwaciwe na Sentare y’akarere ka EAC

Amajambo aheruka gushikirizwa n’umukuru w’Igihugu ku bijanye n’urubanza rwaciwe na Sentare y’akarere ku kiringo ca gatatu ca Nkurunziza ni ibiterasoni. Ku bw’umushingwamanza Janvier Bigirimana, Evariste Ndayishimiye yarabeshe Abarundi mu kuvuga y’uko atazi ivy’urwo rubanza. Umushingwamanza Janvier Bigirimana agasaba umukuru w’Igihugu kwisubirako agashira mu ngiro urubanza rwaciwe.