Amakuru
19 mai 2022

Umukuru w’Igihugu asaba abacamanza gusubiza agateka igihugu

Umukuru w’Igihugu Evariste Ndayishimiye yasavye abacamanza bashasha baheruka kugenwa mu mabanga kwama bisunga amategeko ata n’umwe batinye. Ivyo vyashikirijwe na Domine Banyankimbona, umushikiranganji w’Ubutungane. Hakaba hari kuri uyu wa kabiri inyuma y’inama yahuje umukuru w’Igihugu n’abacamanza bahagarariye ama sentare. Ku bw’umukuru w’Igihugu Ndayishimiye, ugukwirikiza amategeko kwonyene ngo nikwo kuzosubira guhesha ishusho nziza abacamanza.