Amakuru
2 septembre 2021

Umukuru w’igihugu ariyamiriza inyuruzwa ry’imigambi y’abashaka kuzana imitahe

Imigambi y’urwaruka n’amatungo y’abarwizatunga biranyuruzwa. Ico ni kimwe muvyo umukuru w’igihugu yaneguye ku munsi wa kabiri igihe yariko arahura n’urwaruka rwo mu gisagara ca Bujumbura. Evariste Ndayishimiye akaba yaranerekanye inyifato y’abashikiranganji bamwe bamwe badafata neza abantu babagana.