Amakuru
3 août 2021

Umukuru w’igihugu ari inyuma y’ubusuma kuko atari uko, yari kubuhagarika

Umukuru w’igihugu ngo ni umuntu afise ububasha ahabwa n’ibwirizwa nshingiro butuma ashatse yohindura ibintu. Ni ibivugwa na Emery Pacifique Igiraneza, arongoye umuhari MAP-Burundi Buhire. Amajambo yashikirijwe n’umukuru w’igihugu ngo ni imvugo yo guhuma amaso amakungu, bikerekana ko ahubwo ari muri ubwo busuma.