Hariho abantu bafitiye umujinya umukuru w’igihugu basenga bavuga bati yopfuma apfa akatuvako. Ayo ni amajambo umukuru w’igihugu Evariste Ndayishimiye yashikirije aho yari mu masengesho ya buri wa kane wa nyuma w’ukwezi ategurwa n’umugambwe CNDD-FDD. Hari kw’igenekerezo rya 30 Nyakanga 2020. Umukuru w’igihugu akavuga ko abo bashaka kumugandagura atari abo batavuga rumwe, ngo ahubwo ari abamwegereye mu bagumyabanga.
Amakuru
5 octobre 2021
