Amakuru
15 décembre 2023

Umukuru w’Igihugu arakwiye gutanga imihoho ni vyaba vyamunaniye, kwidoga akabireka (Bamvuginyumvira)

Umukuru w’Igihugu ntajejwe kwidoga, ajejwe gufata ingingo. Bivugwa na Frédéric Bamvuginyumvira, arongoye urunani CFOR-Arusha rutavuga rumwe na leta. Abimenyesheje inyuma y’imvugo y’umukuru w’Igihugu yidogera ikigo kijejwe kuraba ko ibidandazwa vyujuje ibisabwa n’amategeko, BBN. Bamvuginyumvira ahanura umukuru w’Igihugu gutanga imihoho ni yaba abona vyamunaniye nk’uko yigeze kuvyemerera Abarundi.