Amakuru
16 juillet 2021

Umukuru w’igihugu arahakana ko ata bantu babuzwe irengero mu Burundi, ngo bibereye mu Rwanda

Umukuru w’igihugu Evariste Ndayishimiye arabeshuza ibijanye n’iburwa irengero ry’abantu mu Burundi. Mu kiganiro yahaye iradiyo y’abafaransa RFI, yamenyesheje ko abo bakunze kuvuga ko babuzwe irengero, ari abicanyi bakora amabi mu gihugu mu nyuma bakaja kwinyegeza mu gihugu c’Urwanda.