Amakuru
14 décembre 2023

Umukuru w’Igihugu aragiriza ikigo BBN gukoresha nkunzi, na yo ikabihakana

Hari ugutanako umwikomo hagati y’umukuru w’Igihugu n’Ikigo gishinzwe kuraba ko ibidandazwa bikwije ibisabwa n’amategeko BBN. Evariste Ndayishimiye yagiriza BBN gukoresha nkunzi, ivyo BBN ikavyamirira kure. Ahubwo ikagiriza abategetsi bamwe bamwe kugomba kuyitamika ijambo.