Amakuru
2 mars 2023

Umukuru w’Igihugu aragabisha ko agiye gukoresha inguvu agaruze amafaranga yibwe muri leta

Umukuru w’Igihugu c’Uburundi aragabisha bamwe mu bategetsi bivye amafaranga yo mu kigega ca leta ko azotunganya isakwa mu mazu yabo kuko azi neza ko batayatwara muri banki bayabika mu nzu. Yabimenyesheje kuri uyu wa gatatu, mu birori vyo kwugurura inyubakwa nshasha y’amanama y’Inama nshingamateka. Evariste Ndayishimiye ahanura abo bategetsi kwegeranya ayo mafaranga bakayatwara muri banki, atari aho na ho, bashobora kuyanyagwa canke na ho bagasanga yarataye agaciro.