Amakuru
29 janvier 2022

Umukuru w’Igihugu aragabisha amasendika y’abarimu afatiye kuvyo basaba

Umukuru w’Igihugu c’Uburundi Evariste Ndayishimiye aragabisha abarimu bohirahira bagahagarika akazi mu kwiyamiriza ikibazo co gusuzuma ubumenyi bwabo nk’uko vyari vyasabwe n’ubushikiranganji bw’Indero. Kubwa Evariste Ndayishimiye, abazobikora bazoca birukanwa mu kazi kabo. Ivyo umukuru w’Igihugu akaba yabimenyesheje kuri uyu wa kane mu masengesho ategurwa n’umugambwe CNDD-FDD.