Amakuru
10 décembre 2021

Umukuru w’igihugu akwiye gushira imvugo mu ngiro ku bijanye n’isanganya ryo kw’ibohero rya Gitega

Isanganya ry’umuriro watikije inganda mw’ibohero rikuru rya Gitega kw’igenekerezo rya 7 Kigarama 2021 ryarababaje abatari bake. Muri bo harimwo umugambwe MSD, uvuga ko uhoza imiryango y’abahaburiye ababo. Mw’itangazo uwo mugambwe washikirije, usaba amakungu na cane cane abariko barafasha Uburundi kureka kwitwaza imvugo ya CNDD-FDD yo kwerekana ko hari uturusho mw’iyubarizwa ry’agateka ka zina muntu, ahubwo bakagerageza kwumvisha umukuru w’Igihugu ko ibikorwa arivyo vyonyene bishobora kwerekana ko hari uturusho muri bimwe no mu bindi.