Amakuru
8 décembre 2022

Umukuru w’Igihugu akwiye gukoresha imvugo ihumuriza ariko aravuga ibibazo vy’igihugu

Abahora bakoresha amanyanga mu kwiba, umukuru w’Igihugu yemeza ko bose bamenyekanye. Akaba yabishikirije ku munsi wa kabiri igihe hariko harahimbazwa umunsi wahariwe umutangakori. Ariko rero mu mugambwe w’Ihuriro ry’Abarundi baharanira intwaro rusangi (RDB), babona ko amajambo yakoreshejwe n’umukuru w’Igihugu atabereye. Jérémie Minani awurongoye agasaba umukuru w’Igihugu gukoresha imvugo ibereye umukuru w’Igihugu.