Amakuru
31 juillet 2024

Umukuru wa CENI yipfuza ko amatora aba mu muco

Abari mu mirwi y’intara ijejwe amatora bategerezwa gukora mu muco no mu bwigenge mu bikorwa vy’amatora kugira amatora yose aze abe ayizewe. Vyashikirijwe n’umukuru w’Umurwi w’igihugu ujejwe amatora (CENI), Prosper Ntahorwamiye, ku munsi wa mbere igihe abarongoye iyo mirwi mu ntara bariko bararahira. Yibutsa n’abarongoye imigambwe kudakoresha amakosa abanywanyi babo bari muri iyo mirwi kuko bariko bakora igikorwa atari ic’umugambwe bakomokamwo kandi na CENI ishobora gufata ingingo yo kubasubiriza.