Amakuru
28 mars 2022

Umukino wa Judo uzoba uri mu mahiganwa mpuzamakungu mu myaka 3 iri imbere ku bw’umurongozi wa FBJ

Valéry Manirakiza niwe yasubiye kwizerwa ngo abandanye arongoye Ishirahamwe ry’abakinyi ba judo mu Burundi. Hari mw’ikoraniro kaminuza ridasanzwe ryo ku wa gatandatu igenekerezo rya 26 Ntwarante. Ugukwiza uwo mukino wa judo mu ma komine yose y’igihugu hamwe n’ukuwukundisha abakiri bato ngo ni vyo agiye gushira imbere.