Amakuru
10 novembre 2023

Umuhari MAP-Burundi usaba umukuru w’Igihugu gutahukana abasirikare barungitswe mw’ibanga muri Congo

Umuhari w’ibikorwa nkundagihugu uranegura ingene hari abasirikare b’Abarundi bariko barapfira mu gihugu ca Congo, iyo barungitswe mw’ibanga gufasha igisirikare ca Congo kurwanya umuhari M23. Ku bwa Libérat Ntibashirakandi, avugira umuhari MAP-Burundi Buhire, ingingo yafashwe na leta yo kubarungika iranyuranye n’ugushaka kw’abakuru b’Ibihugu bo muri Afrika y’ubuseruko, kandi ngo izogira ingaruka mbi nyinshi ku Burundi. Asaba umukuru w’Igihugu kuva mu gacerere agahoza imiryango y’ababuze akongera agatahukana abasirikare bose bari muri Congo batari mu batumwe na Afrika y’ubuseruko.