Amakuru
24 avril 2024

Umuhari MAP-Burundi usaba ababishoboye kugarukira ku batewe n’imyuzurira n’imisozi yatemvye

Umuhari w’ibikorwa nkundagihugu urarajwe ishinga n’agahinda Abarundi isinzi barimwo muri kino gihe kubera abantu n’ibintu vyahitanywe n’imyuzurira y’amazi n’imisozi yabomotse mu minsi iheze. Ari na co gituma uwo muhari wateye akamo Abarundi n’amakungu gufasha kugira ngo abo bashikiwe n’ivyo biza bave mu kangaratete barimwo. Libérat Ntibashirakandi, umuvugizi w’umuhari MAP-Burundi Buhire, asaba leta y’Uburundi kwerekana ingoga zikwiye, kugira ngo abo Barundi bagarukirwe.