Amakuru
18 janvier 2024

Umuhari MAP-Burundi Buhire usaba iyugururwa ry’imipaka hagati y’Uburundi n’Urwanda

Ingingo yafashwe na leta y’Uburundi yo kwugara imipaka Uburundi buhana n’igihugu c’Urwanda nta kintu na kimwe yaje gufasha igihugu n’Abarundi, ahubwo iyo ngingo yatumye n’ivyahuha bihuhuka. Ivyo biri mu rwandiko umuhari MAP-Burundi Buhire wandikiye umukuru w’Igihugu Evariste Ndayishimiye. Emery Pacifique Igiraneza, umukuru w’uwo muhari, avuga ko ata mvo ihari yotuma Uburundi bwugara iyo mipaka itunze Abarundi benshi n’Abanyarwanda bari basanze bafitaniye imigenderanire idasanzwe. Agasaba ko iyo mipaka yo hasi yokwugururwa ku neza y’abanyagihugu.