Amakuru
10 avril 2024

Umuhari MAP-Burundi Buhire urashima intambwe Urwanda rugezeko mu kurwanya ihonyabwoko

Umuhari w’ibikorwa nkundagihugu MAP-Burundi Buhire urifatikanije n’igihugu c’Urwanda muri iki gihe ico gihugu cibuka imyaka 30 habaye ihonyabwoko ry’Abatutsi mu mwaka w’1994. Mw’ikete uwo muhari uherutse kwandikira umukuru w’Igihugu c’Urwanda Paul Kagame, urashima cane ibikorwa leta y’Urwanda imaze gukora muri iyo myaka 30 iheze mu gutuza icaha c’ihonyabwoko, mu vyerekeye gukomeza ubumwe bw’Abanyarwanda no mu guteza imbere igihugu. Emery Pacifique Igiraneza, arongoye umuhari MAP-Burundi Buhire, abona ko ivyo bikorwa vyo guharanira ubumwe bw’abanyagihugu n’iterambere vyategerezwa kubera akarorero abategetsi b’Uburundi.