Amakuru
30 août 2022

Umuhari MAP-Burundi Buhire uranegura ingene umugambwe CNDD-FDD wasenyuye amasezerano ya Arusha

Kw’igenekerezo rya 28 Myandagaro 2022, imyaka 22 yari irumanye Abarundi bumvikanye ku masezerano ya Arusha yatumye igihugu gisubira kuja mu nzira ya demokarasi no kunywanisha Abarundi. Mu muhari MAP-Burundi Buhire, bamenyesha ko igihugu cishwe n’umugambwe CNDD-FDD uri ku butegetsi wahonyanze ayo masezerano ya Arusha kuko ari vyo vyabaye intandaro y’ubukene, ubwicanyi, uguhonyanga agateka ka zina muntu, ukwangaza Abarundi hamwe n’ayandi mabi yose atuma igihugu kiba ica nyuma kw’isi mu vy’ubutunzi n’ukubaho kw’abantu. Uwurongoye MAP-Burundi Buhire, Emery Pacifique Igiraneza, avuga ko umuti ari uko abashigikiye ayo masezerano bosenyera ku mugozi umwe bakayasubiza itoto.