Amakuru
3 août 2023

Umuhari MAP-Burundi Buhire ubona ko hari ivyihutirwa gusumvya ivy’amoko ari mu nzego

Igikorwa catangujwe n’Inama nkenguzamateka mu ntumbero yo kuraba ko ibitigiri vy’amoko biri mu nzego zitandukanye vyogumaho canke vyokurwaho, ngo si co gikorwa cihutirwa muri kino gihe mu Burundi. Uko ni ko bibonwa n’Umuhari w’ibikorwa nkundagihugu, MAP-Burundi Buhire. Uwo muhari uvuga ko nyabuna icihuta uno munsi, ari ugutorera inyishu ibibazo bihanze Abarundi. Ivyo bibazo na vyo ngo ni cane cane ivyerekeye ubukene buzura inzara, umutekano muke mu gihugu, ihonyangwa ry’agateka ka zina muntu, ikibazo c’impunzi n’abanyororo bapfungiwe ubusa. Libérat Ntibashirakandi, avugira uwo muhari, abona ko ivyo bibazo vyose bishobora gutorerwa umuti hamwe Amasezerano y’amahoro y’i Arusha yonagurwa akubahirizwa.