Amakuru
20 février 2021

Umuhari MAP-Burundi Buhire ntushimishwa n’ingene ikiza ca Covid-19 kiriko kirarwanywa, uhereye ku ndongozi z’igihugu

Umuhari MAP-Burundi Buhire ntushimishwa n’ingene ikiza ca Covid-19 kiriko kirarwanywa, uhereye ku ndongozi z’igihugu. Akamo gatangwa n’umukuru w’igihugu Evariste Ndayishimiye kubijanye n’ukwikingira, ntikajanye n’inyifato yiwe mu bikorwa bitandukanye aba arongoye. Emery Pacifique Igiraneza, arongoye uwo muhari, aratanga uturorero tumwe tumwe, akanasaba ko imvugo yoza irajana n’ingiro.