Amakuru
15 novembre 2023

Umuhari M23 uvuga ko ubabajwe n’abasirikare b’Abarundi bafatwa kandi leta ibihakana

Umuhari M23 urabandanya kwerekana bamwe mu bo wafashe mu babarwanya bifatanya n’igisirikare ca Congo, muri bo hakaba harimwo Abarundi bakomoka mu makambi atandukanye. Umuvugizi w’uwo muhari akaba ari we yaberekanye bari kumwe n’abandi bava mu yindi mirwi ifasha FARDC, akaba avuga ko bibabaje ingene abo Barundi bafatirwayo kandi leta y’Uburundi yama iriko irahakana ko ata barwanyi ifiseyo. Major Willy Ngoma akamenyesha ko baberekanye mu ntumbero yo kwereka amakungu ukuri ku biriko birabera muri ico gice ca Congo.