Amakuru
7 octobre 2023

Umuhari M23 uriyamiriza ibitero vyagizwe mu mihana y’Abatutsi bo mu gace ka Nturo bamwe bagapfa

Inzu nyinshi ziri ahitwa Nturo mu karere ka Masisi muri leta iharanira demokarasi ya Congo zaraturiwe mw’ijoro ryo ku wa 04 rishira uwa 05 Gitugutu, abantu batari bake baranahasiga ubuzima. Ni ahantu hasanzwe haba Abacongomani benshi bo mu bwoko bw’Abatutsi. Umuhari M23 uriyamiriza wivuye inyuma ubwo bwicanyi bwabaye, ukabugereranya n’ihonyabwoko. Willy Ngoma, umuvugizi w’umuhari M23, yemeza ko ayo mabi yakozwe n’igisirikare ca Congo gifadikanije n’abasirikare b’Abarundi baza bambaye umwambaro w’igisirikare ca leta ya Congo. Willy Ngoma avuga ko atumva na gato ingene abo basirikare b’Abarundi baza kwica abanyagihugu kandi bahamagariwe kubungabunga amahoro n’umutekano mu buseruko bw’ico gihugu.