Amakuru
11 novembre 2022

Umuhari M23 uriteguye kuganira na leta ya Congo kugira ngo ico gihugu gishike ku mahoro arama

Umuhari M23 urwana muri Congo, umenyesha ko witeguriye kuganira na leta ya Congo kugira ngo ico gihugu gishikire amahoro arama. Mu kiganiro yahaye télévision Renaissance, Major Willy Ngoma, avugira umuhari M23, aributsa amasezerano yo guhagarika intambara uwo muhari wateyeko igikumu uri kumwe na leta ya Congo, ariko ngo ntiyigeze ashirwa mu ngiro. Ku bwa Willy Ngoma, ngo umuhari M23 wipfuza igihugu gishingiye ku ntwaro ibereye, atari igihugu gifatiye ku mirwi yinubana.