Amakuru
23 novembre 2022

Umuhari M23 ntuzosubira inyuma. Usaba kugirana ibiganiro na leta ya Congo

Umuhari M23 ngo nturota ushira hasi ibirwanisho. Vyemezwa n’umuvugizi wawo. Willy Ngoma avuga ko ico uwo muhari ugona ari ukugirana ibiganiro na leta ya Congo. Abivuze inyuma y’aho Evariste Ndayishimiye, arongoye inama y’abakuru b’ibihugu vya EAC, ashikirije ko abo bakuru b’ibihugu, eka mbere n’umuhuza w’akarere Uhuru Kenyatta, bose bahuriza ko umuhari M23 utegerezwa gusubira aho waje uva imbere y’intambara.