Amakuru
8 septembre 2022

Umugambwe uri ku butegetsi CNDD-FDD urakeza umushikiranganji wa Mbere mushasha Gervais Ndirakobuca

Umugambwe CNDD-FDD urakeza umushikiranganji wa Mbere mushasha Gervais Ndirakobuca ukanamwifuriza kuroranirwa. Biri mw’itangazo ryasohowe n’uwo mugambwe kuri uyu wa gatatu igenekerezo rya 7 Nyakanga. Uwo mugambwe uri ku butegetsi ukamenyesha Abarundi ko utazokwigera ushigikira abapfukama mu nda abanyagihugu. Ugasaba leta ahubwo gushengeza izo nkozi z’ikibi.