Amakuru
31 janvier 2024

Umugambwe UPD-Zigamibanga uriyamiriza imvugo ya Ndayishimiye ahakana abarya ibiturire muri CNDD-FDD

Umugambwe UPD-Zigamibanga uratangazwa n’imvugo iherutse gukoreshwa n’umukuru w’Igihugu Evariste Ndayishimiye mu gikorane c’iminsi itatu giheruka gusozerwa n’umugambwe CNDD-FDD mu ntara ya Gitega. Akaba yamenyesheje y’uko ata munywanyi wa CNDD-FDD arya igiturire. Ababikora ngo ni abaje kubononera bakiyitirira Abagumyabanga atari bo. Chauvineau Mugwengezo, arongoye umugambwe UPD-Zigamibanga, avuga ko kuva umugambwe CNDD-FDD ushitse ku butegetsi waranzwe no kunyuruza amatungo ya leta no kurya ibiturire uhereye ku mukuru w’Igihugu ubwiwe. Mugwengezo akabona ko iyo mvugo ari iyo gusamaza Abarundi kandi akabafata nk’uko batagira ubwenge.