Amakuru
5 janvier 2024

Umugambwe UPD-Zigamibanga uranegura ivyagiriji vya Ndayishimiye ku gihugu c’Urwanda

Ivyo umukuru w’Igihugu Evariste Ndayishimiye yagiriza igihugu c’Urwanda ko gishigikira umuhari RED-Tabara urwanya leta, ngo nta shingiro bifise. Bishikirizwa na Chauvineau Mugwengezo. Ku bw’uwo arongoye umugambwe UPD-Zigamibanga, ngo Evariste Ndayishimiye ariko arondera inyendamuvano kuko vyamunaniye gutunganya ibibazo bimuhanze ngo abironkere inyishu.