Amakuru
23 juillet 2024

Umugambwe FRODEBU uratotezwa muri ino minsi, ukagiriza umugambwe uri ku butegetsi ko ari wo ubikora

Kwonona ingoro y’umugambwe Sahwanya-FRODEBU, kunyuruza umwe mu ndongozi zawo ku rwego rw’intara akaburwa irengero, vyarakorewe uwo mugambwe muri uku kwezi turimwo hamwe no mu guheze. Iyo ngendo yaribonekeje cane amatora aheruka yo mu mwaka w’2020 yegereje. Ico gihe ingoro n’abanywanyi b’umugambwe CNL ni vyo vyakorerwa ubwo bugizi bwa nabi. Imbonerakure hamwe n’iperereza ni vyo vyatungwa agatoke ko biri inyuma y’ukwo gutoteza umugambwe CNL.

Mbega ubu hoho abagirizwa ni bande ?