Amakuru
4 avril 2024

Umugambwe CODEBU uvuga ko uhagaritswe umutima n’integuro y’amatora yimirije mu Burundi

Amakenga ni menshi mw’itegurwa ry’amatora yimirije, nk’uko bishikirizwa na Keffa Nibizi, arongoye umugambwe CODEBU. Abivuze mu gihe Inama nshingamateka itegekanya kwiga itegeko ryo mu 2019 rigenga amatora kugira rihindurwe. Ku bw’uwo mugambwe CODEBU, iryo tegeko rifise utunenge twinshi twiyongera ku murwi ujejwe amatora CENI utizewe kuko washizweho n’umugambwe uri ku butegetsi CNDD-FDD.