Amakuru
7 février 2024

Umugambwe CODEBU usaba inyishu ku kibazo c’Abarundi bahunze kugira ubumwe butsimbatare

Hamwe ikibazo c’impunzi z’Abarundi zahunze n’izindi ngorane zaturutse ku ndyane za politike zo mu mwaka w’2015 bitotorerwa inyishu, ubumwe bw’Abarundi buzoba buriko burasubira inyuma. Ni ko bibonwa n’umugambwe CODEBU ufatiye kw’igenekerezo rya 5 Ruhuhuma aho Abarundi bahimbaza umunsi wahariwe Amasezerano y’ubumwe bw’Abarundi. Keffa Nibizi, arongoye uwo mugambwe, asaba abarongoye igihugu gushira imbere ibiganiro mu ngorane zose zihanze igihugu kugira Amasezerano y’ubumwe bw’Abarundi ashobore gutsimbatara bimwe biboneka.