Amakuru
20 mars 2024

Umugambwe CODEBU uriyamiriza ikurwa rya Agathon Rwasa ku burongozi bw’umugambwe CNL

Ingingo iherutse gufatwa n’umushikiranganji w’Intwaro yo hagati mu gihugu yo kwemeza ivyavuye mu matora y’umugambwe CNL, aho uwahoze arongoye uwo mugambwe Agathon Rwasa yabogojwe, ngo ni ingingo iciye kubiri n’amategeko kandi isubiza inyuma demokarasi. Ivyo bivugwa na Keffa Nibizi, arongoye umugambwe CODEBU, aho abona ko gucamwo imirwi umugambwe CNL, abanywanyi b’uwo mugambwe ata na kimwe bahungukira.