Amakuru
15 juillet 2024

Umugambwe CODEBU urerekana amakenga ufise ku matora yo mu 2025 no mu 2027 mu Burundi

Umugambwe CODEBU nta cizere na gito ufise ku matora yimirije mu mwaka w’2025 n’uw’2027. Keffa Nibizi, arongoye umugambwe CODEBU, avuga ko ayo matora ashobora kuba mabi gusumba amatora yose amaze kuba mu Burundi kuva mu mwaka w’2005, ngo kuko ni irya mbere inzego zose zijejwe gukurikirana no gutegura amatora ziharijwe n’umugambwe uri ku butegetsi n’abo bacuditse. Ku bwa Keffa Nibizi, ngo n’aho ata cizere bafitiye ayo matora, asaba abanyagihugu kudacika intege nyabuna nibaba bashaka ko ibintu bihinduka, bazoyitabire cane cane mu kuyacungera ntihagire ababaca mu ryahumye.