Amakuru
7 août 2024

Umugambwe CODEBU urahagaritswe umutima n’itakazwa ry’agaciro k’ifaranga ry’Uburundi

Umugambwe CODEBU uratera akamo leta y’Uburundi ngo ifate ingingo zose zishoboka kugira ihagarike umurindi ifaranga ry’Uburundi rigezeko rita agaciro. Keffa Nibizi, arongoye uwo mugambwe, arababazwa n’uko uno munsi kugira umuntu aronke idolari rimwe ry’Abanyamerika bisaba kuba afise amafaranga 7 000 vy’amarundi kw’isoko yo mu kinywabi. Aranegura kandi agacerere k’abategetsi b’igihugu kuri ico kibazo gihanze ubuzima bw’igihugu. Keffa Nibizi atera akamo abarongoye inzego z’igihugu gukorera hamwe bagatora inyishu irama kuri ico kibazo.