Amakuru
31 janvier 2024

Umugambwe CODEBU urababazwa n’uko leta y’Uburundi yananiwe gutorera inyishu ibibazo biyihanze

Leta y’Uburundi vyarayinaniye gutora inyishu ku bibazo bihanze igihugu. Ukwo ni ko umugambwe CODEBU Iragi rya Ndadaye ubibona. Uwo mugambwe ukababazwa n’uko abanyagihugu babandanya bugarijwe n’ubukene buzura inzara, na yo ivyerekeye demokarasi n’intwaro ibereye ngo bikaba biri kure nk’ukwezi mu gihugu. Keffa Nibizi, umukuru w’umugambwe CODEBU, asaba ko hoba inama rukokoma ihurikiyemwo abo bose begwa n’ikibazo c’iterambere ata wukumiriwe, kugira bige icokorwa kugira ngo Uburundi buve mu manga.