Amakuru
17 octobre 2023

Umugambwe CNL usaba leta kuwukurako ibihano wafatiwe

Umugambwe CNL uhamagarira leta kuwurekurira gusubira mu bikorwa vyawo vyahagaritswe n’umushikiranganji w’Intwaro yo hagati mu gihugu. Ivyasabwe na Agathon Rwasa, arongoye uwo mugambwe, akaba yabisavye aho yari mu kiganiro n’abamenyeshamakuru kuri uyu wa mbere. Agathon Rwasa agasaba umushikiranganji w’Intwaro yo hagati kudahengama mu gutatura amatati ari mu banywanyi b’uwo mugambwe. Arongera kandi akavuga ko ingorane ziri hagati muri uwo mugambwe zidashobora gutorerwa umuti inzego zawo zitariko zirakora.