Amakuru
25 mai 2023

Umugambwe CNL urababajwe n’ifutwa ry’ingingo zafatiwe mu makoraniro yemewe n’amategeko

Nta rundi rwego na rumwe rufise ububasha bwo kuvuguruza ingingo ziba zafashwe n’inama ya bose y’umugambwe mu gihe iryo koraniro riba ryabaye hisunzwe amategeko. Umugambwe CNL uvuga ko ubabajwe cane n’urwandiko warungikiwe n’umushikiranganji w’Intwaro yo hagati mu gihugu ku wa 17 Rusama rumenyesha ko ingingo zose zapfundikiwe mu makoraniro yo mu mezi aheze ya Ntwarante na Ndamukiza zifuswe. Agathon Rwasa akaba abona ko uko ari ugushaka kwivanga mw’itunganywa ry’imigambwe mu gihe amategeko agenga imigambwe abuza intwaro kwivanga.