Amakuru
4 décembre 2023

Umugambwe CNL umenyesha ko ugiye kwitegurira amatora yo mu 2025 (Agathon Rwasa)

Agathon Rwasa aramenyesha ko ibihano vyafatiwe umugambwe wiwe n’umushikiranganji w’Intwaro yo hagati mu gihugu biheze. Kuri uwo arongoye CNL, ivyo vyisunze itegeko rigenga imigambwe ritegekanya ko ibihano bifatiwe umugambwe bimara ikiringo c’amezi atandatu. Yabimenyesheje mu kiganiro yagiranye kuri uno wa mbere n’abamenyeshamakuru, inyuma yo gusohora itangazo kuri ico kibazo. Ku bwa Agathon Rwasa, agacerere k’uwo mushikiranganji nyene muri ico kiringo, kerekana ko atitandukanije n’ibivugwa muri iryo tegeko. Agasaba ko leta itosubira kwivanga mu vy’imigambwe. Akaba yaboneyeho akaryo ko kumenyesha ko umugambwe wiwe ugiye kwitegurira amatora yimirije.