Amakuru
2 décembre 2022

Umugambwe CNDD-FDD wamye ushaka gucanishamwo Abarundi kuva ushitse ku butegetsi

Umunyagihugu ngo ni Umurundi yigira sindabibazwa, adakunda igihugu canke yatswe uburenganzira bwo kwitoza kubera yakoze amakosa, na yo ngo umwenegihugu ni Umurundi w’akarorero yubaha amategeko agakunda igihugu ciwe. Uko ni ko bisigurwa na Aloys Batungwanayo, ari mu murwi w’igihugu ujejwe kuvugana ukuri no kunywanisha Abarundi, CVR, akaba n’umwigisha muri kaminuza. Iyo mvugo yashikirije ku rubuga rwiwe rwa Twitter yaraneguwe n’Abarundi batari bake. Jérémie Minani, arongoye umugambwe w’Ihuriro ry’Abarundi baharanira intwaro rusangi (RDB), avuga ko iyo mvugo yazanywe n’umugambwe CNDD-FDD kugira icemwo imirwi Abarundi. Ku bwiwe, ngo Ibwirizwa nshingiro ry’Uburundi nta na hamwe ryerekana imirwi ibiri y’Abarundi.