Umukuru w’igihugu Evariste Ndayishimiye ntiyari akwiye kwidoga ko urugomero rwariko rurubakwa ku Mpanda rwahagaze kandi ko hibwe amafaranga. Ni mu gihe Côme Manirakiza, igihe yari umushikiranganji w’amasoko ntanganguvu, yari yemeje ko ivyo bikorwa biriko bigenda neza. Ariko kandi bamwe mu banywanyi b’umugambwe CNDD-FDD bemeza ko igice kinini c’amafaranga yari agenewe ico gikorwa catashe mu kigega c’umugambwe CNDD-FDD Evariste Ndayishimiye yari arongoye.
Amakuru
18 octobre 2021
